Kingdom Life School - KLS
IL EST L'IMAGE DU DIEU INVISIBLE ,LE PREMIER NE DE TOUTE LA CREATION(COLOSSIENS 1:15).
24/08/2026
𝗗𝗜𝗠𝗔𝗡𝗖𝗛𝗘 𝗟𝗲 23/08/2026
Icigwa : IGIKOGWA KIRACASHOBOKA
𝗛𝗮𝗺𝘄𝗲 𝗻𝗮 𝗣𝗮𝘀𝘁𝗼𝗿 𝗠𝗨𝗛𝗜𝗥𝗪𝗔 𝗝𝗮𝗰𝗸𝘀𝗼𝗻
UMWIMBUZI N'IVYIMBUGWA.
_______________________
⭕Mukundwa ubwizigigwa mu bwami bw'Imana buraharugwa cane, abantu babizigigwa ntiwobasanga ahariho hose atari mu bwami bw'Imana; agaciro kawe ntukarondere ku muntu, ico twamaze canke umaze kizogaragara tugeze mu bwami, wewe gendana ivyiyumviro vy'umwimbuzi.
✍🏻Umwungere (Pasteur) atarahishurigwa igicapo c'Imana n'umwungere uwo n'umudandaza.
"Mbere naho noca mu mwonga wʼumwijima wʼurupfu, sinzogira ikibi ntinya, kuko uri kumwe nanje; inkoni yawe nʼubuhiri bwawe
ni vyo binkingira bikampumuriza."
Zaburi 23:4
Inyobozo n'ubuhiri n'imvugo iphobetse Imana ntiyoshobora kugukubita inkoni kuko s'umuntu. Mbe hoho igukubise wobaho, iyumvire! Nkabantu bakunda kuvuga ngo bakubiswe n'Imana! Ubuhiri buvugwa n'ijambo ry'Imana.
👂🏽Kudatwara ubutumwa bwiza kubandi ni kimenyetso co kwikunda kubera kwikunda bituma udatera intambuko kubw'abandi; uratinya imibabaro y'ubutumwa bwiza. Kugumana ukwo kuri muyandi majambo ni kwisenga. Gukunda amafranga navyo birashobora gucika ikigigwamana.
Ntimugakunde amahera mu kubaho kwanyu, ahubwo mubumbwe nʼivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti:
“Sinzokwigera ndaguta;
sinzokwigera ndaguheba.”
Abaheburayo 13:5
Hariho abantu bagiririranira imigenderanire mibi n'amafranga. Ugasanga arakunda amafranga kuburyo kuyatanga bimugora caane kuko atinya gukena, Aguhaye araba inoti yanyuma muzo afise,,, mwenuyo icandiko arakigoreka kubera amafranga..., Mukundwa Imana yariyemeje ko Itazoguta, Itazoguhemukira. Mukundwa inyigisho yose idashobora gutuma ubumbwa nivyo ufise, ubwo ni ubutumwa butaribwo. Kumenya Christo bizana kubumbwa.
📖Ndanezerewe cane mu Mwami kuko mwasubiriye kunyitaho. Ndazi ko mwamye munyitaho kuva kera ariko ntimwari bwaronke akaryo ko kubingaragariza. Ibi sindabivugishijwe nʼubukene, kuko muri vyose namenyereye kubumbwa nʼivyo mfise. Ndazi ico ari co kuba mu bukene, kandi ndazi kubaho mu musesekara. Narize ibanga ryo kubaho muri vyose, haba mu gahimbo canke mu nzara, haba mu musesekara canke mu bukene. Ab'I Filipi 4:10-12
Mukundwa Paul ntiyigeze ahindura message ngo ni kubera nikubera akenye canke ashaka ibintu,, Hariho abungere basegerereza bakoresheje Ivyandiko mukubiha insiguro itariyo.
🧠Kuko muzi ubuntu bwʼUmwami wacu Yesu Kristo, ko nʼaho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi. 2 Korinto 8:9
🙏🏼Umu Pastor yigisha abarongoye ko bazoba abatunzi mu biboneka yishimikije iki candiko ntaho ataniye nabariko baha urumogi abantu, ariko aroga abo arongoye. Ntazi ubukene n'ubutunzi buvugwa ngaho, kwigira umukene nukwo Christo yigize umuntu kugira natwe ducike abatunzi mu kumera nk'Imana KUMERA NK"IMANA NIKWO GUCIKA UMUTUNZI, IMANA KUMERA NK'UMUNTU NIKWO KWIGIRA UMUKENE. (Ab'I Philipi 4:10-13)
GLORY GLORY GLORY GLORY GLORY GLORY..🙏🏻🙏🏻🙏🏻🙏🏻🙏🏻🙏🏻
UBUZIMA BWO MU BWAMI. N'IKIGANIRO MUTEGURIGWA NA KINGDOM LIFE SCHOOL MINISTRIES. 'IMANA_K'UMUNTU.
21/08/2026
"Ntugakwiragize ibinyoma. Ntukifatanye nʼabanyakibi mu kubabera icabona cʼibinyoma."
Kuvayo 23:1
Iyo utariko urakwiragiza ukuri, uriko ukwiragiza ikinyoma mu buryo utazi; nigute womenya ukuri ntukuvuge?
19/08/2026
𝗗𝗜𝗠𝗔𝗡𝗖𝗛𝗘 𝗟𝗲 16/08/2026
Icigwa : IGIKOGWA KIRACASHOBOKA
𝗛𝗮𝗺𝘄𝗲 𝗻𝗮 𝗣𝗮𝘀𝘁𝗼𝗿 𝗠𝗨𝗛𝗜𝗥𝗪𝗔 𝗝𝗮𝗰𝗸𝘀𝗼𝗻
UMWIMBUZI N'IVYIMBUGWA.
_______________________
⭕KUBA UMWIZIGIRWA MU GIKOGWA Mukundwa isi ntishobora kuramura abizigigwa, ubwizigigwa ni Qualite yo mu bwami bw'Imana abizera nti bigishwa kugira ubwizigigwa bavyawe n'imbuto y'ubwizigigwa, isi irondera abizigigwa ariko mw'isi ntabo. Abizigigwa ubasanga mu bwami bw'Imana. Ubwizigigwa mu gikogwa, ubwizigigwa imbere ya bene Data ubwizigigwa imbere y'abakozi b'Imana.
📖"Ntugakwiragize ibinyoma. Ntukifatanye nʼabanyakibi mu kubabera icabona cʼibinyoma."
Kuvayo 23:1
Iyo utariko urakwiragiza ukuri, uriko ukwiragiza ikinyoma mu buryo utazi; nigute womenya ukuri ntukuvuge?
🙏🏼 Mukundwa turiko turaraba akarorero ku murongozi yitwa ARONI; Aroni ni akarorero k'umurongozi Mubi. MOSE amaze guteba ku musozi abantu batanguye gukwiragiza inkuru itariyo, ngo Mose yaphiriye kumusozi kubera gutebayo, abandi yoba yadutaye...., aho gufata umwanya bamusengere.
👂🏽Aroni yaribagiye ko yahamagawe gukorera musi y'urongozi bwa Mose. Igihe cose uriko urakorera musi y'uburongozi bw'uwundi menya neza ko utegerezwa kuvoma amakuru ku murongozi wawe, apana gukura amakuru kubandi canke kubo urongoye. Aroni yisanze ariko arongogwa nabo yari kurongora kuko ariko arakora ivyo bamubwiye, biciye mukubumvira ukwo nikwo yisanze ari umurongozi mubi.
Umviriza "UMUGUMUKO ABISIRAYERI BABAYEMWO BAWUBAYEMWO KUBERA UBURONGOZI BUBI" Mukundwa igihe cose uzobona abantu batanguye kugushemagiza ngo urashoboye gusumba umurongozi wawe. Menya ko umugumuko uri kuziko hunga ntukemere ko hari abantu bash*tsa intumbero zibi; kuko mu makoraniro harabaza bazanywe nizindi nyungu zabo atarinyungu z'ubwami bw'Imana.
🧠IGIHE COSE UMURONGOZI ATANGUYE KUMVIRA ABO ARONGOYE BIMUTWARA AHO YISANGA ARIKO ASENGA IBIGIGWAMANA. Ikigigwamana ni kintu cose gitwara ikibanza c'Imana mu buzima bw'umuntu. Icubahiro kirashobora gutwara ikibanza c'Imana mu buzima bw'umuntu niwo wari UMWAMBIRO W'ABAFARISAYO bakundwa kwitwa banyakubahwa Muri kino gihe kubera gukunda ivyubahiro hariho nabaca biyita ayandi mazina nti babumbwa nico Imana yabagize muri Christo Yesu; n'amafranga arashobora kuba ikigwamana mu buzima bw'umuntu aho usanga ic'Imana Ivuga ariko agica haruhande kubera amafranga, inyungu ziwe, ntagishaka gukora ic'Ijambo ry'Imana rimubwira gukora
👂🏽IKINTU MOSE YAKOZE AMAZE KUGARUKA YAMENAGUYE IBIGIGWAMANA , Umurongozi mwiza ntiyemerera ibigigwamana ko bigira ikibanza, umviriza ntahobora gucereza mugihe abantu bakigendana utubido tw'amazi, ibivuta bihezagiye. AKARORERO Intumwa Paul ish*tse mu gisagara ca EFESO Ntiyemeye ko abantu babandanya gusenga ibigigwamana. Ntushobo kumva uguwe neza wisanze uri ahantu bagisenga abantu ngo IMANA YA PASTEUR, IMANA YA DADDY, NGO MUSI Y'AMAVUTA Y'UMUVYEYI. Har'abantu muri kino gisagara bagizwe Imana; Ibaze nko kwizera ko udashobora gusengera umuntu akire udasenze mw'izina rya Pasteur wawe. Mukundwa ntarindi zina abizera bahawe gukirizwamwo atarizina rya Yesu.
GLORY GLORY GLORY GLORY GLORY GLORY..🙏🏻🙏🏻🙏🏻🙏🏻🙏🏻🙏🏻
17/08/2026
‼️GATUMBA GLORY GLORY GLORY...,🔥🔥🔥🔥🔥‼️
Intumbero yʼImana muri ivyo vyose, kwari ukugira ngo ubu, biciye mwʼishengero, abatware nʼabafise ububasha bʼahantu ho mwʼijuru bamenye ubwenge butagira urugero bwʼImana. Uwo ni wo mugambi wayo wʼibihe bidashira, uwo yashize mu ngiro biciye muri Kristo Yesu Umwami wacu.
Efeso 3:10-11
KURIKIRANA IGICE C,IKIGANIRO :UKURI KWA BIBIRIYA KUBIJANYE NIBIGIRACUMI (13)
13/08/2026
Yesu yaje gukemura ikibazo rusangi naco n'icaha. UMUTIMA W'IMANA UTERERA KUCAZANYE YESU MW'ISI.🔥🔥🔥
KURIKIRANA IKIGANIRO :MBEGA UMWANA W'IMANA YOFATWA NAKARANDE CANKE IMPWEMU YINYATSI?
07/08/2026
UBUTUMWA BWIZA NTI BUKOKA ABANTU NGO BABWIZERE UBUTUMWA BWIZA UBWUMVISE UBWABWO IHEREZO NI KUBWIZERA.
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Contact the business
Telephone
Website
Address
Jackson. 2018glory@gmail. Com
Bujumbura